suj_mat_text_reg/13/40.txt

1 line
404 B
Plaintext

\v 40 Nka kudya ugwamfu gwegeranywa ni kuturigwa umuriro, ukwo nikwo bizomera kumuhero wisi. \v 41 Umwana wumuntu azotuma aba marayika biwe ni kwegeranya kuva kubwami bwiwe vyose vyatumye ichaha na hadya bakora mubi. \v 42 Bazobaterera mwitanuro dyu muriro bose niho hazoba amarira ni kusya amenyo. \v 43 Niho abantu bose babagororochi bazokwakaka nki zuba mubwami bwase wabo wene afishe amatwi ni yumve.